Рет қаралды 5,229
Abakristo benshi bagendana ibibazo kuvyerekeye gutanga ikigiracumi kuburyo hari abigisha ko utagitanze uri umusuma,utazoja mw'ijuru,uzokwama ukenye,abana bawe bazorwara bakanapfa,n'ibindi vyinshi birimwo iterabwoba.
Ikibabaje nuko abavyigisha ari benshi cane kandi bemewe cane...ariko ikibazo twokwibaza ni iki: Mbega ivyo bigosha vyoba arivyo Bibiliya yigisha?
Muri kino kiganiro,Ange-Michel Muhayimana arishura ibibazo bitandukanye vyerekeye igituma Aburahamu Yatanze icacumi,ubwoko bune (4) bw'ibigiracumi Bibiliya yigisha,ikigiracumi co muri Malaki cigishwa cane ko kitariko kibwirwa abakrsito bo mw'isezerano rishasha rya Yesu...Mbega Yesu Yarigeze Atoza Ikigiracumi? Mbega Intumwa nka Paulo na Petero barigeze bavyigisha nkuko vyigishwa ubu? Mbega Udatanze ikigiracumi uba wivye Imana?
Ivyo bibazo n'ibindi vyinshi abakristo benshi bibaza birishurwa muri ino nyigisho.
Wibuke kuyisangiza abandi no kuba umunywanyi w'Ukuri kubohora kugira uzohore uronka video igihe cose dushizeko nshasha.
Murakoze!