Рет қаралды 12,266
#Burundi: Umukuru w'igihugu arabaza ingene bishika ama banki y'ubudandaji ashobora kureka umuntu akabikura umuliyaridi w'amafaranga y'amarundi icarimwe ! Agira ati uwo aba agiye kuyakoza iki ? Arongera akagira ati bigenda gute ngo umuntu agure ikintu muma dorari kiri ngaha mu Burundi ko bizwi ko mu Burundi amadorari adasuma? Uwo ayakoresha mu kugura inzu aba yayakuye he canke uwuyakiriye aca ayajana he? Ivyo yabishikirije mu gihe ibanki nkuru ya Republika y'Uburundi #BRB yariko ihimbaza imyaka 60 imaze iriko irakora.