Рет қаралды 13,916
Umwanditsi akongera akaba umudihamudiho w'inkebuzo.ururirimbo rwanditswe nawe rukaba rukebura abarwumviriza muga rugahera kuri nyene kururirimba yikebura nakare ngo ntawubura ubumuga, kuko uwudafise ubumuga bwo mu mutwe agira ubwo mu mutima nk'ako uwudafise ubwo ku mubiri afise ubwo mu mubiri!ururirimbo inkebuzo rukaba rwerekeye imice y'abantu Bose yaba abato n'abakuze,abasanzwe n'abakomeye,aboroshe n'abahambaye ,abankana n'abakundana,abaroraniwe n'ababangamiwe. kukaba nk'ako uwutahigiye ahakure inkebuzo.ururirimbo inkebuzo rukaba rusohowe mu kwezi kwa munyonyo ,ukwezi kwitiriwe umwanditsi akaba umuhinga mu rurimi rw'ikirundi nyakwigendera NTAHOKAJA Jean Baptiste mu ntumbero yo kumwibuka ngo tumukeze yamara ntitumukekeze kuco yatumariye abarundi imyaka 25 iheze ashengeye ibukama
Umwanditsi: Amazing Clack
Umudihamudiho:Amazing Clack
Umuhinyanyuzi:Jigger Beat
Umutyororamudiho:Jigger Beat
Umutyororamashusho:Oli Black
Umuhagarikirabikorwa: N Lee
Abafashanyagikorwa:Christa Bella,Pamy Queen,Easy Boy,prosper lion,Romeo
Umusīzi( make up) :keke