Рет қаралды 12,375
Amakuru twabateguriye ahanini ashamikiye kuri zino ngingo nkuru nkuru.
1. Mugisagara ca Gitega umugwa wa politike hazindutse hatorwa inzandiko zitagira umukono mugihe hari haramutse hahimbarizwa isabukuru y'imyaka 62 Uburundi bwikukiye.
2. Mu Burundi haracari ikibazo gikomeye kuko bamwe mu barundi aribo usanga bazingamika igihugu iyo ngeso ikaba yigaragaje kuva imbere y'uko Uburundi bwikukira muraya makuru muza gukurikira umushingamatekaFerederiko Bamvuginyumvira.
3. Mu ntara ya Ngozi ,havugwa umwana w'imyaka 6 yakorewe ivya mfurambi igihe abavyeyi biwe bari bamutumye kugura isabune kw'ibotike ,munyuma agatorwa bukeye bwaho yatawe mu kinogo ari ikiruruma .
Amakuru twabateguriye saya gusa tubafitiye nayandi avugwa mu bindi bisata gumana najewe Jeane D'Arc Gikundiro ngire ndayabashikirize nkaba ndiko ndafashwa na Yves Irakoze m'ubuhinga bw'ivyuma kaze mwese.
#Amatora #ndayishimiye #imbonerakure #m23 #msd #ndayishimiye #parcem #rwasa #burundi #cndd_fdd #cnl #nkurunziza