Рет қаралды 1,402
Kaminuza y'i Ngozi (Université de Ngozi) iramenyesheje abize kuri iyo kaminuza kuva mu mwaka w'1999 n'imyaka yakurikiye, baronkejwe ingurane y'amafaranga y'ishure (Frais académiques) n'amafaranga yo kubaho (frais de subsistance), ubu bakaba batasubije iyo ngurane kandi baragiye mu buzi butandukanye, ko bahawe ikiringo c'amezi atatu ngo basubije iyo ngurane. Ico kiringo kirangiye iyo kaminuza imenyesha ko izoca ishira ahabona (ku mugaragaro) amazina y'abo bayiheraniye yongere ibitwarire.