Umuvyeyi wa NESTORY IRANKUNDA, yamaze gusinyira gukinira BAYERN MUNICH, atubwiye vyinshi turati tuzi

  Рет қаралды 1,613

The Story Room TV

The Story Room TV

6 ай бұрын

Yitwa NESTORY IRANKUNDA. Yabonye izuba ku wa 9 Ruhuhuma 2006, akaba yavukiye mu nkambi y'impunzi ya NDUTA iri mu ntara ya Kigoma, Komine Kibondo mu gihugu ca Tanzania. NESTORY avuka ku bavyeyi bompi b'abarundi Gideon na Dafroza. NESTORY yimukiye mu gihugu ca Australia hamwe n'umuryango wiwe akiri umwana muto cane w'amezi atatu gusa. Yabaye mu gisagara ca Perth, mu ntara ya Western Australia hanyuma yimukira muri Adelaide mu ntara ya South Australia. NESTORY yakiniye imigwi itandukanye hano muri Adelaide nka Northern Wolves, Parafield Gardens, Adelaide Croatian Raiders, imbere yo gusinyira umugwi wa Adelaide United ukina muri Shampiyona nkuru y'igihugu ca Australia (A-league). Kw'itariki ya 14 Munyonyo 2023, NESTORY yasinyiye gukinira umwe mu migwi ikomeye cane kw'isi wa Bayern Munich, akaba yasinye amasezerano y'imyaka ine yazotangura kuva itariki 1/07/2024.
Twagiranye ikiganiro ciza na se wa NESTORY, Pasteur Gideon Rurandagaye, atubwira vyinshi ku buzima bwa NESTORY hamwe n'umuryango wiwe muri rusangi. Pasteur Gideon nawe yigeze kuba umukinyi w'umupira w'amaguru akomeye cane mu nkambi na Nduta hamwe na Kibondo mu myaka ya 2000. Mbega mu nkambi ya Nduta ubuzima bwiwe bwari bumeze gute? Mbega umwana wiwe NESTORY yiteguye gute gutangura gukinira umugwi wa BAYERN MUNICH? Mbega NESTORY yipfuza gukinira Uburundi, Tanzania canke Australia?
Kurikira kino kiganiro wumve vyinshi mu vyaranze ubuzima bwa NESTORY.
Ikaze mwese!

Пікірлер: 13
@JackieloveKingbuja
@JackieloveKingbuja 14 күн бұрын
Vyiza cane 😂😂❤❤
@cedrickfeitoto
@cedrickfeitoto 6 ай бұрын
Murakoze cane, ariko munyuma uzomutubarize umugwi nserukiragihugu Nestory IRANKUNDA azokinira
@user-sp2hu8lb1c
@user-sp2hu8lb1c 4 ай бұрын
❤❤❤❤
@rampadee3024
@rampadee3024 5 ай бұрын
Hhh🤣🤣 mzee GiGA ndakwibuka cane i Nduta kweli
@danielbukuru-qj6od
@danielbukuru-qj6od 6 ай бұрын
Nukuri jew nararyohew cane mbg munyumvira mubona Nestor azokinira umurundi
@niyongere86
@niyongere86 6 ай бұрын
Nihatari, ivyobadukoreye ntawovyibagira kandi nuyumusi baracabikora. Nestory tumwipfurije amahigwe na kazoza keza.
@karenzoeric1852
@karenzoeric1852 3 ай бұрын
Uyomutama ndamwibuka munkambi yanduta yarandikishije amateka
@Pacifique.mboninyibuka
@Pacifique.mboninyibuka 6 ай бұрын
Ndabashimiye Cane kubw'iki kiganiro kuko gikuraho amazinda Ku bantu benshi Abatanzaniya ngo ni uwacu, abanyarwanda nabo ngo ni uwacu, abarundi ni uko. Atere imbere nk'umuzinga
@bizomenyimanaelias5455
@bizomenyimanaelias5455 6 ай бұрын
abaTanzania barafata nabi abarundi ivyo badukoreye sinzovyibagira Kandi uyo mutama tuva hamwe mugisenga ibanda
@niyongere86
@niyongere86 6 ай бұрын
Yari ruranguranwa canke bitumwako. Haragera naho abatanzania bamwikiraka, bakamujana kubafasha. Pe ndakunze kino kiganiro kuko kinyibukije inkambi nakuze NDUTA. Agapira niho natwe twagahereje natwebwe tuba dufise agafu.
@bonisachubwa1046
@bonisachubwa1046 5 ай бұрын
Uyo mugabo ndamwibuka mugisenga Giga 😂😂😂
@ernestohaba7549
@ernestohaba7549 5 ай бұрын
Ariko ayo maraso akomoka iburundi rero azomwumvishe aze akinire intamba twandike amateka tugende muri mondial
@karenzoeric1852
@karenzoeric1852 3 ай бұрын
Ndabashimiye kubwicokiganiro nonemwomuhanura kuzokinira ikihegihugu
The delivery rescued them
00:52
Mamasoboliha
Рет қаралды 10 МЛН
Balloon Stepping Challenge: Barry Policeman Vs  Herobrine and His Friends
00:28
2000000❤️⚽️#shorts #thankyou
00:20
あしざるFC
Рет қаралды 13 МЛН
#Burundi Indirimbo yanje nayikuye i Gologota  by Apollinaire Habonimana
5:41
Apollinaire Habonimana
Рет қаралды 333 М.