Рет қаралды 1,072
Ubushikiranganji bw'uburimyi buramenyesha abarimyi ko iriha ry'amahera baterera kugira baronke umwavu mvaruganda rizotangura kuri uyu wa 11 Mukakaro, kandi ko ibiciro bitahindutse. Ivyo Umushikiranganji ajejwe uburimyi Prosper Dodiko yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyesha makuru ashikiriza aho bagejeje imyiteguro y'irima ry'ici yongera amenyesha aho bagejeje umugambi wo kwegeranya umwimbu w'ibigori.