Рет қаралды 14,883
Reta y'Uburundi imenyesha ko imbibe zo kubutaka ico gihugu gihana n'Urwanda zizokwugururwa ari uko Urwanda rushikirije Uburundi abashatse gutembagaza ubutegetsi mu 2015 bari muri ico gihugu. Umushikiranganji w'imigenderanire yabishikirije mu kiganiro abagize reta baremesheje bishura ku bibazo vy'abenegihugu. Albert SHINGIRO arizera ariko ko imigenderanire izosubira kuba myiza kuko ivyo bihugu bitegerezwa kubana, ataho bizoshirana.