Рет қаралды 359
Inanga "Urupfu rwa Maconco" ni inanga iryoshe cane yavugijwe n'umucuraranzi tugitohozako tutaramenya, igaruka kuri Maconco azwi muri kahise k'igihugu cacu. Uwo Maconco yabaye umukwe w'umwami Mwezi Gisabo, yongera mbere acudika n'abadagi ku muzo wabo, aragerageza no gutwara igihugu, naho atorohewe. Iyi nanga rero iragaruka ku rupfu rwiwe, rwaje rukurikira ukuntu yagerageje kwigarurira imbwa umwami Mwezi Gisabo yakunda cane: Rurebeya canke Mushuzo. Dushimye kubasangiza amajambo agize urwo ruririmbo rw'akanovera kadasanzwe. Kugira usome, banza ufyonde aha wumvirize ukurikira amajambo.