Kurikirana ingene ibirori vyo kwatira Umwungere mushasha wa Diyoseze Bururi vyagenze

  Рет қаралды 31,633

Mashariki TV

Mashariki TV

Күн бұрын

#Burundi Kurikirana ingene ibirori vyo kwatira Umwungere mushasha wa Diyoseze #Bururi Musenyeri Salvator NICITERETSE vyagenze Ivyo birori vyari bihagarikiwe n'abandi basenyeri b'i Burundi, maze abihebeye Imana n'abakristu muri rusangi baramukeza.

Пікірлер: 3
@raissaakimana-sj5mm
@raissaakimana-sj5mm Жыл бұрын
Biraryoshe cane
@lindaevans4504
@lindaevans4504 Жыл бұрын
NTERIKINKUMU ISABA VATICANO GUTOHOZA KURI MGR SALVATOR NICITERETSE DUSABA VATICANO GUKANDA INGUMA Z’ABAKOZWEKO N’IHONYABWOKO RYAKOREWE ABAHUTU MU 1972-73 BAKOMEREKEJWE N’INSIGURO N’INYIFATO Y’AMACAKUBIRI VYA MUSENYERI SALVATOR NICITERETSE WA DIYOSEZE YA BURURI YONGEREKO IMUHANE! ============================================================== Twebwe abacikacumu bo kw’isi yose, b’ impfuvyi, b’abapfakazi, b’abihebeye Imana, abo jenoside yo mu 1972 yatikirije ubuzima mu ntara zose z’Uburundi Twishimikije inzandiko z’umuvyeyi wacu Papa Francis Laudato si’ na Fratelli tutti ku vy’inama nkuru ya Vaticano ishinzwe kwubahiriza ubutungane n’amahoro, kubungabunga no kwubahiriza agateka ka zina muntu , kandi hashizwe imbere ba ntahonikora, impfuvyi n’abapfakazi ! Dufatiye ku nsiguro zitoneka ibisebe zigakomeretsa ubugira kabiri impfuvyi, abapfakazi b’abahutu vyakozeko, zatanzwe na Musenyeri NICITERETSE mw’isengero ry’I Buta ku wa Mungu itariki 30/04/2023, inyuma y’imisi ibiri, Sentare Ntahinyuzwa yogeje icaha c’ukumenja abahutu bishwe mu 1972-73, umwungere wa Diyseze ya Bururi akakibagarukanako Sentare na CVR zarakibakuyeko! Twishimikije kandi inkuru ko Musenyeri Salvator NICITERETSE yigamvye kuba yarahanuye Sebarundi Evariste Ndayishimiye, kudasohora itegeko impfuvyi n’abapfakazi twese dutegereje, ryemeza ihonyabwoko twakorewe mu 1972-73, rigasubiza agateka n’ubuntu abahutu bose vyakozeko, ngo akaba yaramwumvishije kwihoza ivya jenoside yemejwe ngo kubera intibagira itabana; Tumaze kwumva aho Musenyeri NICITERETSE atomora icese ko icegeranyo CVR ashikirije mu ku wa 20/10/2021 ikemezwa n’inama nshingamateka na Nkenguzamateka zikoranye ko ari iy’ibinyoma ; Dufatiye kandi ku birego vy’agacamutwe umwungere wa Diyoseze ya Bururi yaremetse abahutu nka bose bishwe mu 1972 ababeshera mu nsiguro yatanze I Buta, ko bishwe na Leta biturutse ku ntambara abahutu bateye ku Batutsi bo mu Rumonge, b’i Makamba, b’i Bururi, b’i Burambi, b’i Vyanda, bo mu Minago, n’ ahandi henshi,…ngbavuga amajambo y’aba Mai Mulele mugabo ari Abarundi, kandi akanabiha ama Televisions nka za Tele Renaissance (3/05/ 2023) ngo zibikwiragize kw’isi yose! 3. TWESE ABACIKACUMU TWATONEKAJWE DUSAVYE VATICANO IBI 2 BIKWIRIKIRA: 1. Kudutohoreza inyifato mbi ya Musenyeri Salvator NICITERETSE n’inyigisho ziwe ziteye kubiri n’umurongo w’ukuri w’ivyo Ekleziya (Mika 6:8) yigisha ku butungane bw’abarenganijwe 2. Kumufatira ibihano bikwiranye n’icaha co kwifatanya n’abakora ihonyabwoko, maze akakwa amabanga y’ubwungere bivuye ku kutagirira impuhwe impfuvyi n’abapfakazi nk’uko Ekleziya katolika ibitegekanya, no mu kuburagiza itegeko ribatunganiriza (Ubuhungiro 22:23-24) Signatures en ligne Vyandikiwe Canada, kuwa 13/07/2023 Ku bw’urunani “ Collectif des survivants et victimes du génocide Hutu de 1972 au Burundi, avant et après Conseil Exécutif de coordination Internationale (CECI) Bimenye Baributsa Agapfuye ntikabazwa ivu gusa Karabazwa n’uwagakoze T.1(819)661 5896
@prudencensaguye9411
@prudencensaguye9411 4 жыл бұрын
Merci bcp Mashariki TV kuhatubera
This mother's baby is too unreliable.
00:13
FUNNY XIAOTING 666
Рет қаралды 39 МЛН
What's in the clown's bag? #clown #angel #bunnypolice
00:19
超人夫妇
Рет қаралды 11 МЛН
小天使和小丑太会演了!#小丑#天使#家庭#搞笑
00:25
家庭搞笑日记
Рет қаралды 58 МЛН