Рет қаралды 14,790
Kuri uyu wa 22, Inama nshingamateka yakiriye umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu. Albert Shingiro yari azanywe no gusigurira abashingamateka integuro y’itegeko rigamije kwemerera abafise pasiporo z’abanyacubahiro kwinjira muri ivyo bihugu bibiri (Uburundi na Zambiya) ata visa isabwe
📌 Ubwo burenganzira ni buhabwe n’abanyagihugu basanzwe!
Abashingamateka benshi basavye uwo mushikiranganji kurondera urwo ruhusha no ku barundi basanzwe. Basiguye ko muri iyi myaka vyaragaragaye ko ico gihugu benshi bakijamwo kandi bigafasha cane imiryango yabo barungikira amafaranga bamaze gushikayo
Ariko kandi ngo na benshi muri abo barundi bama banyazwe n’utwabo kubera ukubura ivya ngombwa vyo kuba muri ico gihugu
👏🏾 Ngo biri mu migambi..
Albert Shingiro yavuyeho yemeye ko iyo ntambwe ari yo izoca ikurikira inyuma yo gutora iryo tegekoryari ryamuzindukanye
👋🏾Abari muri Zambiya, Abashingamateka hari ikindi bobasabira ?
#agaciromedia #Burubdi #BurundiDiaspora #EAC #subscribe #youtube