Рет қаралды 35,971
𝗔𝗺𝗮𝗴𝗮𝗿𝗮 𝘆'𝘂𝗺𝘂𝗻𝘆𝗮𝗺𝗮𝗯𝗮𝗻𝗴𝗮 𝗺𝘂𝗸𝘂𝗿𝘂 𝘄'𝘂𝗺𝘂𝗴𝗮𝗺𝗯𝘄𝗲 𝘂𝗿𝗶 𝗸𝘂 𝗯𝘂𝘁𝗲𝗴𝗲𝘁𝘀𝗶 𝗻𝘁𝗶𝘆𝗶𝗳𝗮𝘀𝗵𝗲 𝗻𝗲𝘇𝗮.
Reverien NDIKURIYO yaraye aramanukanwa ijoro na rusehabaniha i Bujumbura inyuma yo gufatwa giturumbuka n'indwara aho yari mu ntara ya Ngozi. Vyavuye kuki none?
Tubanze twibutse ko ejo hahise 23/01/2025 ari ho hatangura igikorane c'amasengesho catunganijwe n'umugambwe
@CnddFdd
kiriko kibera kuri stade Kugasaka, mu ntara ya ngozi. Ico gikorane kizomara imisi 3(23_25/01/2025). Igikorane co gushimira Imana imyaka yose uwo mugambwe umaze ku butegetsi no kuyiragiza umwaka twaraye dutanguye wa 2025.
Umukuru w'igihugu
@GeneralNeva
yahashitse igihe c'isaha umunani z'umuhingamo (14h), igikorana gica kiratangura.
Ejo nyene, umunyamabanga mukuru w'uwo mugambwe ku rwego rw'igihugu,
@R_Ndikuriyo
yari yashitse aho i Ngozi, ariko ntivyakunze ko ahonyoza ukuguru mu gikorane kuko akiri muri Hôtel yaciye afatwa giturumbuka n'indwara ituma atakaza inguvu, akumva ibizunguzungu.
Mu nyuma, abaganga bo mu biro vy'umukuru w'igihugu baciye batangura kumukwirikirana, batanguye kumutera iserumu( perfusions), bageze ku ya 3 ni ho babona ko bitoroshe, baca bafata ingingo yo kumumanuka i Bujumbura na rusehabaniha yo mu biro vy'umukuru w'igihugu. Bavuye i Ngozi mw'ijoro ryakeye, isaha zitanu, (23h ).
Gushika ubu bivugwa ko boba bariko bategura kumutwara mu gihugu ca Kenya kuvurigwayo naho bitaremezwa.
#amakuru_atarikwivumbi
#urugendo_news
#daniel_mugisha
#news_updats_interview
Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango
Amakuru ya Haguruka yihuta
Amakuru yinzamba yihuta
Amakuru ya Peace FM yihuta
Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye