Рет қаралды 2,872
Amatohoza y’abarwanyi 19 baheruka gutangwa n’Urwanda ku Burundi ngo yararangiye. Ayo matohoza ngo yerekana ko bose ari ab’umuhari RED-Tabara urongowe na Alexis Sinduhije. Vyashikirijwe kuri uno wa kabiri mu kiganiro Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, yahaye abamenyeshamakuru. Pierre Nkurikiye yamenyesheje kandi ko inyigisho za gisirikare bazihawe n’abasirikare b’Urwanda.