Рет қаралды 51,089
IYO MANZI WARARAYE (version originale)
Mbega ngire nte, ga mwana wa mama? IYO MANZI WARARAYE!
Mbega ngire nte, ga mwana wa mama, …..
Sinzi ico mbonye, ga mwana wa mama, …..
Cera mu ruzi, ga mwana wa mama, …..
Nk’umusaraba, ga mwana wa mama, …..
Wa Gasupari, ga mwana wa mama, …..
Anteye intimba, ga mwana wa mama, …
Nzoja kuraba, ga Kimararungu, …..
Iyo manzi we! …..
Iyo manzi we! …..
Nite mu ruzi rushake rujane, IYO MANZI WARARAYE!
Nite mu ruzi rushake rujane, …..
Nizibe intambi na yo insogote, …..
Nizibe intambi na yo insogote, …..
Nite mu ziko ncike amakara, …..
Iyomanzi we!…..
Iyo manzi we!…..
(I)shavu ntiryica, ga Kimararungu, IYOMANZI WARARAYE!
(I)cica ni irungu, ga mwana wa mama, …..
(I)kimara irungu, ga mwana wa mama, …..
(I)kimara intimba, ga mwana wa mama, …..
Ni umwana uvyaye, ga mwana wa mama, …..
Aja gusenya, ga mwana wa mama, …
Aja kuvoma, ga mwana wa mama, …..
Agatebuka, ga Kimararungu, …..
Iyo manzi we! …..
Iyo manzi we! …..
Mazi masabano ntamara imvyiro, IYO MANZI WARARAYE!
Mazi masabano ntamara imvyiro, …..
Mazi masabano ntamara imvyiro, …..
(U)mutima muhanano ntiwuzura inda, …..
Iyo manzi we ! …..
Iyo manzi we ! …..
Vyuzurarembo, ga mwana wa mama, …..
Vyuzurarembo, ga mwana wa mama, …..
Ca maribori, ga mwana wa mama, …..
Ni umwana uvyaye, ga mwana wa mama, …..
Ni inyana y’inka, ga Kimararungu, …..
Iyo manzi we! …..
Iyo manzi we! …..
Hari ndagukunda, nkakwankira umwana, IYO MANZI WARARAYE!
Hari ndagukunda, nkakwankira umwana, IYO MANZI WARARAYE!
Hari ndagukunda, nkakwankira umwana, IYO MANZI WARARAYE!
Ntaba agukunda, ruba ari uruhendo, …..
Iyo manzi we!, …..
Iyo manzi we! …..