Рет қаралды 35,481
#Burundi: Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 15 Rusama 2024 yuguruye icese umwaka w'ishure wa 2023 ushira wa 2024 muri kaminuza y'intwazangabo mu ntwaramiheto #ISCAM ku mikangara igira incuro ya mirongo itanu na gatatu ku civugo " Ishure kaminuza y'intwazangabo mu ntwaramiheto shingiro ry'akarangamutima n'ubutwari vyamye biranga indongozi z'igisirikare c'Uburundi mu gukingira igihugu.'' Umukuru w'Igihugu akaba kandi yagiriyeko aha impamyabushobozi iyindi mikangara irangije inyigisho za gisirikare yo mu murwi wa mirongo ine n'umunani. #FDNB #ISCAM