Prezida Pierre Buyoya agiye gutahukanwa gushingurwa mu Burundi,Ibisigarira vyiwe bizoshika14/07/2024

  Рет қаралды 15,994

URUGENDO NEWS

URUGENDO NEWS

19 күн бұрын

🔴 Ibisigarira vya Prezida Pierre Buyoya bigiye gutahukanwa mu Burundi kuri uyu w'Imana uza.
Amakuru yashizwe ahabona uno musi n'urubuga Ikiriho rusanzwe rukorana n'iperereza ry'Uburundi avuga ko ibisigarira vya Prezida Pierre Buyoya bizotahanwa mu Burundi ku wa 14.7.2024 bikuwe i Bamako muri Mali. Ikiriho gisanzwe gitanga amakuru n'ivyiyumviro vyo hafi cane ya Prezida Ndayishimiye.
Inkuru yaherekejwe n'urutonde rw'ibiteguwe bijanye n'itahukanwa ry'ibisigarira vya Prezida Buyoya. Ku musi w'Imana (14.7.2024), isaha zine z'igitondo, hategenekanijwe imisa yo gusabira Prezida Buyoya muri Cathédrale Sacré Cœur y'i Bamako muri Mali. Inyuma hazokurikira igikorwa co kujana ivyo bisigarira ku kibuga c'indege Modibo Keita c'i Bamako. Ikiriho carangije gitangaza ko Prezida Pierre Buyoya azoshingurwa ku wa 17.7.2024 iwe muri komine Rutovu mu ntara ya Bururi.
🔴 Ni ikintu gihambaye ko abatwaye Uburundi bashingurwa mu Burundi.
Igihugu kireka abakirongoye bagahambwa mu mahanga gifatwa ko hari ico kibuze mu kwiyubaha no mu kwiyubaka. Kenshi biva ku ndyane ico gihugu kiba caraciyemwo. Gutahukana ibisigarira vya Prezida Pierre Buyoya ni ikintu ciza cane ku bijanye n'ishusho y'igihugu no mu nzira yo kunywanisha Abarundi. Umukuru w'igihugu atubahiriza abatwaye imbere yiwe, na canecane nk'abamaze kwitaba Imana, aba akoze ikosa kandi nawe aba yisuzuguje. Uko afata ab'imbere yiwe niko nawe ashobora kuzofatwa atakiri ku butegetsi. Kwemera ko ibisigarira vya Prezida Buyoya bitahukanwa agashinguranwa iteka bizoha iteka Prezida Ndayishimiye vyongere bifashe Abarundi mu rugendo rwo kunywana.
Kugeza ubu abatwaye Uburundi bapfiriye hanze ntibashingurwe mu Burundi bari babiri: Umwami Mwambutsa IV Bangiricenge yasandabiye mu Buswisi muri ntwarante 1977 na Prezida Pierre Buyoya yasandabiye mu Bufaransa aca ashingurwa muri Mali muri kigarama 2020.
Batatu bandi basandabiye hanze baratahanywe. Abo ni Prezida Michel Micombero yasandabiye i Mogadishu muri Somalia ku wa 16.7.1983, Prezida Cyprien Ntaryamira yiciwe mu ndege yakorowe i Kigali mu Rwanda ku wa 06.4.1994 na Prezida Jean-Baptiste Bagaza yasandabiye i Bruxelles mu Bubiligi ku wa 04.5.2016.
🔴 Prezida Buyoya yavutse mu 1949 muri komine Rutovu mu ntara ya Bururi. Ni umwe mu basirikare b'Uburundi bize amashure akomeye ya gisirikare mu Bubiligi, mu Bufaransa no mu Budagi. Yarajejwe amabanga atandukanye mu gisirikare, yarabaye mu Nama Nkuru y'umugambwe UPRONA imbere yo kurongora Uburundi incuro zibiri (1987-1993 hanyuma 1996-2003). Ni umwe kandi mu barundi bajejwe amabanga atari make ku rwego mpuzamakungu. Yasandavye aserukira Ubumwe bw'Afrika muri Mali no mu karere ka Sahel. Yahitanywe n'ingwara i Paris mu Bufaransa aho yari agiye kwivuza, ku wa 17.12.2020.#amakuru_atarikwivumbi
#urugendo_news_amakuru
#Updats_zurugendo_news
Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango
Amakuru ya RPA yihuta
Amakuru ya Haguruka yihuta
Amakuru yinzamba yihuta
Amakuru ya Peace FM yihuta
Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye

Пікірлер: 34
@user-ri1wp7uy9p
@user-ri1wp7uy9p 17 күн бұрын
Ndabahaye.mwiriwe.nagomba.kubaza.aho.bahavye Micombero
@user-wn1tl6nn7r
@user-wn1tl6nn7r 17 күн бұрын
Ashitse kukibuga cindege baze basuzume ko atari truck wosanga agikomeye.
@user-sh4us1dn6f
@user-sh4us1dn6f 17 күн бұрын
None yishe ndadaye yibaza kwazohoraho
@Akagumyebagumako25
@Akagumyebagumako25 17 күн бұрын
Nimba yarapfuye, Ahandi bari babujijwe n'iki?
@ErickAbuu-hi2qv
@ErickAbuu-hi2qv 16 күн бұрын
Baramanza basuzume neza ashitse kukibuga c'indege kk urya ni Mr😂😂😂
@CassienHafashimana
@CassienHafashimana 13 күн бұрын
Aho nivyiza nashinguranwe iteka nkuwatwaye ogihugu
@NestoryNdaca
@NestoryNdaca 15 күн бұрын
Yarikwicwa nkukoyishe ndadaye nizindi nzerakarengane
@GaétanNiyikiza
@GaétanNiyikiza 17 күн бұрын
Leta ntiyanse koBuyoya ahambwa mu Burundi yavuze ko adashobora gushinguranwa iteka na Leta nk'Umukuru w'ogihigu kandi yari yaraciriwe urubanza
@user-ti1ol3ti9j
@user-ti1ol3ti9j 17 күн бұрын
Bazoche batahukana botse.bahabwe iburundi 😢😢😢😢
@ComeNDAYIZEYE-tc1np
@ComeNDAYIZEYE-tc1np 15 күн бұрын
Mugisha we, 1077??? Raba neza ni 1977 si 1077....
@user-ei9vo4os6p
@user-ei9vo4os6p 16 күн бұрын
Aho nibn kuk iyo reta yuburundi itavyemer ntagitoro twosubiy kubon mubundi kuk umuhungu wiw yarafise imyakijan yisoko yokuzanigitor
@ndihorashid
@ndihorashid 17 күн бұрын
ntamu president numwe yatwayuburundi akwiyiteka nka buyoya gistave
@AkimanaJeannette-tz1to
@AkimanaJeannette-tz1to 17 күн бұрын
None bazanye amagufa yeweee 😳😳
@user-no6yf8lz1d
@user-no6yf8lz1d 17 күн бұрын
Vyari bikenewe
@JonasNtirenganya-bx6dz
@JonasNtirenganya-bx6dz 17 күн бұрын
None kutatubwira ivyarwasa ahobigeze
@marienduwimana665
@marienduwimana665 16 күн бұрын
Biragoye ko dutera imbere mu gihe urwanko n'inzigo biciganziye imitima y'abarundi.kimwe gusa mugerageze mugire ubuntu kuko izo mvugo muvuga ku muntu yasezeye isi si iteka kuwubishikiriza.ndakeje indongozi z'igihugu kurico gikogwa
@JimmyGahungu
@JimmyGahungu 16 күн бұрын
Ni bamuzane igito gitabwa iwabo
@user-xc5fd2ve5r
@user-xc5fd2ve5r 17 күн бұрын
Ivyobiringo vyose yatwaye yakubita kudeta niwe yishe prezida ndadaye ariko agwanya demokrasi ivyo ntituzovyibagira
@nyabendasayumwe8514
@nyabendasayumwe8514 16 күн бұрын
Ikibi si ciza.yavuye mu gihugu akomeye,none atashe aramagufa.Ahubwo Kunva yiwe bazoyishireko umunyororo y'abo yishe.
@nsavyinganji
@nsavyinganji 16 күн бұрын
Ahubwo, bakwiye kumushingurana iteka! Umu "president architecte" de l'Unité Nationale? Urubanza na rwo, mu gihe rutari bwacike, boba baramuteye iryo teka. Ni ho vyokumvikana cane!
@IRAMBONADonFerdy
@IRAMBONADonFerdy 17 күн бұрын
Baze bamushingure hamwe na president NDADAYE, ngirango bizoca bidusigira nicirwa suko!
@nyabendasayumwe8514
@nyabendasayumwe8514 16 күн бұрын
Ariko urasuzuguye Ndadaye vraiment.Umugereranije n'umwicanyi Buyoya? Inva yiwe bayishireko umunyororo
@nsavyinganji
@nsavyinganji 16 күн бұрын
Au regard des réactions, je constate que burundais vous êtes embrigadés dans des haines ethniques et cadnassés par le passé obscur. Avec ce genre de comportement, il impossible d'avancer
@user-dr5jo9bi1c
@user-dr5jo9bi1c 17 күн бұрын
Gutahukana umukoshi!!!!!
@GuillaumeMusonerwa-it9sw
@GuillaumeMusonerwa-it9sw 16 күн бұрын
😂😂😂😂😂 😂😂😂.uranyishe ndake
@veroniquekubwayo5169
@veroniquekubwayo5169 17 күн бұрын
yarishe ndadaye nawe aramusanze we ikiza nuko yazikanwe niteka abantu bose babona none ayo magufa aje gutabwa muburundi jembona ntakamaro gafise bacumugani mukirundi ugirikibi kikagusangimbere yishe ndadaye azikowe azumira kwisi imana irasubiza
@user-no6yf8lz1d
@user-no6yf8lz1d 17 күн бұрын
Na jewe ndabishimye , Ariko na mwambutsa yotahanwa , Gutyo wosanga indyane hagati y'abarundi ziheze . Twikenereye amahoro.
@sese667
@sese667 17 күн бұрын
Mwambutsa ubwiwe, yarisabiye ko atohambwa i Burundi ko yoguma ahambwe muri Suisse, iyo yapfiriye kandi yasize yanditse ikete aho abivuga, rero umuryango wiwe w'amaraso, wavyubahirije uko, ninayo mpamvu adatahanwa i Burundi ...
@user-no6yf8lz1d
@user-no6yf8lz1d 16 күн бұрын
@@sese667 ariko niba mwambutsa yari umurundi yari umwami y'abarundi bose , Ico mbona n'uko intwaro zovyinjiramwo zifatanije n'umuryango wiwe agafubwana iteka Ku gataka k'abo yatwara kuko intwaro dufise Ubu ntaco bapfa . Vyiza bomuzana natwe abarundi bose tukamwunamira n'imisi y'igandaro ikabaho hamwa bwa bumwe nyabwo bugatsimbatara . Inzego ni zivyigeko ntaco bitwaye .
@sese667
@sese667 16 күн бұрын
@@user-no6yf8lz1d Muri ico gihe ntitwoba twubahirije ivyo yasiye yisabiye wenyene imbere yuko apfa ... Kandi Mwambutsa ubwiwe yivugiye ati : “Iryo teka mutampaye nkiriho, ntimuzorimpe narapfuye” kandi yahunze Uburundi inyuma yaho akarwi "k'Abahutu” kari karongowe na Capitaine Serukwavu, kagerageje gutembagaza intwaro ya Mwambutsa no kumugandagura ... mu guhunga yavuze ati “Ko Abahutu banyanse, ndahunze !” ... Mbona twokubahariza iryo baruwa rya Mwambutsa nibaza ko hariho impamvu Mwambutsa yisabiye kutahambwa mu Burundi, ubwo Burundi yazigamwo iteka kandi yakunda caaanee bwaramubabaje ajana agahinda ...
@Akagumyebagumako25
@Akagumyebagumako25 17 күн бұрын
Gusa n'umwami Ndizeye Charles tumubone !
@JonasNtirenganya-bx6dz
@JonasNtirenganya-bx6dz 17 күн бұрын
None kutatubwira ivyarwasa ahobigeze
@kanimary5642
@kanimary5642 17 күн бұрын
Gouverneur Murengera yatwaye i Gitega ntako atagize ngo amurondeze, barimbaguye hose barabura.
@LeonardHabonimana-lk4gx
@LeonardHabonimana-lk4gx 17 күн бұрын
Ntakibi yakoze ntamutware abura abamwanka nashingugwe mugihugu ciwe bikunda ashingugwe gamwe na pr ndadaye
MISS CIRCLE STUDENTS BULLY ME!
00:12
Andreas Eskander
Рет қаралды 15 МЛН
Самый Молодой Актёр Без Оскара 😂
00:13
Глеб Рандалайнен
Рет қаралды 11 МЛН
Iron Chin ✅ Isaih made this look too easy
00:13
Power Slap
Рет қаралды 35 МЛН
Happy 4th of July 😂
00:12
Alyssa's Ways
Рет қаралды 69 МЛН
UMVIRIZA IJAMBO RYA PRESIDENT BUYOYA ATUTSE PRESIDENT NKURUNZIZA IZUBA RIVA
25:20
DJ Daniel Video Archives
Рет қаралды 115 М.
EA SPORTS FC 25 | Official Reveal Trailer
2:07
EA SPORTS FC
Рет қаралды 10 МЛН