Ibara ryaguye

  Рет қаралды 11,247

URUGENDO NEWS

URUGENDO NEWS

Күн бұрын

Alfred Innocent Museremu mu nzego zikomeye risigura iki ?
Inyuma y'imyaka hafi ibiri yigijwe kure y'inzego zihambaye, Alfred Innocent Museremu yaraye agenywe kuba Umuyobozi Ntayegayezwa w'Inama y'igihugu ijejwe umutekano (Secrétaire permanent du Conseil national de sécurité). Colonel Museremu yari yahawe amabanga akomeye mu ntango y'intwaro ya Prezida Ndayishimiye, aho yagenwa kurongora iperereza mu gihugu hagati (uwo benshi bita DDI) muri mukakaro 2020. Iyo yari impembo ikomeye ya Prezida Ndayishimiye kuko Alfred Innocent Museremu yari yagumanye nawe mu gihe c'imyiyamamazo ya 2020, amurabira umutekano, amubera umuhanuzi akomeye. Muri mukakaro 2022, mu gihe Ndayishimiye yariko arategura ikurwa rya Général Bunyoni, Alfred Innocent Museremu yarakuwe kuba DDI azezwa iperereza ryo hanze y'igihugu. Ayo mabanga yayamazemwo umwanya urume rumara, umwanya munini awumara yisigura imbere y'inzego zitandukanye z'iperereza n'ubutungane. Imbere y'impera ya 2022, Alfred Innocent Museremu yarabogojwe mu mabanga y'iperereza, arungikwa gukorera mu gipolisi mu ntara ya Muyinga, aho vy'ukuri ata mabanga yari afise. Mbere ni gake cane yahora aboneka muri iyo ntara, umwanya munini yawumara mu vyiwe i Bujumbura.
Ikurwa rya Colonel Alfred Innocent Museremu ni kimwe mu vyari vyatanze icizere ko Prezida Ndayishimiye yoba agira yikubite agashi ahindure amabi yaboneka mu ntwaro yiwe. Ico gihe yari ahejeje kwikurako imwe mu ntwazangabo yacafuza cane ubutegetsi bwa Ndayishimiye.
Ifoto ya Alfred Innocent Museremu arasa abari mu myiyerekano muri 2015 n'iyindi imwerekana ariko arakubita umwana muto ziri mu mafoto yakwiragiye mw'isi yose muri 2015. Alfred Museremu ni umwe mu bashigikiye kandi bafashije bidasanzwe ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu mu kiringo ca gatatu ca Nkurunziza.
Aho agenewe kuba Umuyobozi w'iperereza mu gihugu hagati (DDI), Alfred Innocent Museremu mu mwanya wa mbere yaratse inguvu bamwe mu bakozi b'iperereza bari bahambaye cane kuri Nkurunziza. Ariko nticabujije ko guhera muri nyakanga 2020, iperereza risubira mu mabi yaranze ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza, nko kunyuruza abantu bakaburwa irengero. Mu kiringo c'amezi atatu gusa iperereza mu gihugu hagati ryaranyuruje abantu barenga 20 batigeze basubira kuboneka kugeza ubu.
Muri 2021, Alfred Innocent Museremu yararababaye cane aho yisanga iperereza vy'igisirikare (G2) risa n'iryamutwaye akazi, rija muvyo kunyuruza abantu mu gihugu cose, rimwiba bamwe mu nderetsi (informateurs), rinahabwa amafaranga menshi kurusha ayahabwa urwego yatwara. Ivyo biri mu vyateranije rwose Colonel Museremu yatwara iperereza mu gihugu hagati na Colonel Ernest Musaba yatwara iperereza ry'igisoda.
Iruhande y'amabi akomeye yo guhohotera kiremwa muntu, Colonel Museremu yaravuzwe cane mu bijanye no kurya ibiturire, canecane ku barwizatunga batandukanye. Museremu yaravuzwe mu gupfungisha abantu benshi ataco abahora, n'ubu abatari bake bavundiye mu mabohero atandukanye. Ubwiwe, Museremu niwe yaha amategeko abacamanza uko baca imanza zijanye n'abo yapfungishije ku karenganyo. Hari abanywanyi benshi ba CNL baborejwe igufa mu gihe ca Museremu, aho harimwo Augustin Matata na Innocent Barutwanayo bahavuye bapfa kubera amahiri bakubiswe mw'iperereza. Museremu ari mu bafise amabanga ajanye n'iturirwa ry'ibohero rikuru rya Gitega muri kigarama 2021 be n'ingene ibiziga vy'abanyororo vyahambwe mu kinyegero.
Amwe mu madosiye akomeye Museremu yavuzwemwo akiri DDI ni nk'igandagurwa rya Thierry Kubwimana muri munyonyo 2020, aranubahuka afatisha umupfakazi wiwe Christa Kaneza (yari afise imyaka 18) ngo niwe yipfakaje. Christa Kaneza yarekuwe inyuma y'induru nyinshi yavugijwe n'abaharanira agateka ka zina muntu, ariko nta muco wigeze utangwa ku bagandaguye umugabo wiwe. Iyindi dosiye itoroshe ni ifatwa rya Muganga Christophe Sahabo muri ntwarante 2022 mu ntumbero yo kumunyaga ibitaro Kira Hospital. Kugeza ubu akarenganyo gakorerwa Christophe Sahabo karabandanya ku rugero rwo kumwaka ubuzima (tuzobigarukako ejo).
Umwaka wa 2022 wabaye uwutoroshe kuri Colonel Alfred Innocent Museremu. Museremu yari asanzwe akorana cane na Général Gabriel Nizigama yari umuyobozi mwishikira mu biro vy'umukuru w'igihugu. Gabriel Nizigama yaketswe ko yari mu bashatse gutembagaza Prezida Ndayishimiye uwo mwaka, agirako arabogozwa, yongera arakubitwa bikomeye. Colonel Museremu nawe nyene ntiyatevye kubogozwa akekwa ko yari asangiye umugambi na Gabriel Nizigama.
#amakuru_atarikwivumbi
#urugendo_news_amakuru
#Updats_zurugendo_news
Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango
Amakuru ya RPA yihuta
Amakuru ya Haguruka yihuta
Amakuru yinzamba yihuta
Amakuru ya Peace FM yihuta
Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye

Пікірлер: 12
The Joker wanted to stand at the front, but unexpectedly was beaten up by Officer Rabbit
00:12
Apple peeling hack @scottsreality
00:37
_vector_
Рет қаралды 125 МЛН
Touching Act of Kindness Brings Hope to the Homeless #shorts
00:18
Fabiosa Best Lifehacks
Рет қаралды 19 МЛН
PAPA SAVA EP1090:MUMBYINIRE WE!By Niyitegeka Gratien(Rwandan Comedy)
33:11
Niyitegeka Gratien
Рет қаралды 107 М.
The Joker wanted to stand at the front, but unexpectedly was beaten up by Officer Rabbit
00:12